[Intro]
IMANA Y'UKURI
[Verse 1]
Erega MANA imbabazi zawe n'izigiciro kinini abana b'abantu bahungira mugitutu c'amababa yawe bazohazwa gwose nibiryoshe vyo mungoro yawe bazohazwa gwose nibiryoshe vyo mungoro yawe,
Erega IMANA s'umuntu ng'ibeshe canke ngo y'ivuguruze ihagarara kw'ijambo ryayo igashitsa ico yasezeranye
[Verse 2]
umviriza mwene data nkubwire ntuzohomb'ivyo vyiza tandukana n'icaha cawe uh'IMAN'umutima wawe kugira ngw'abariy'ikuganza ubone kuba mumunezero, kugira ngw'abariy'ikuganza ubone kuba mumunezero
ereg'uhoraho numunyabuntu yuzuy'imbabazi nyinshi aramir'abatemba Bose aba hafi y'abamwambaza bose, kand'UHORAHO azigama abamukunda aramira abicisha bugufi araguhezagira niwamutumbera kandi araguha ubugingo.